Uko wahagera

Yemeni Yanse Amasezerano y'Amahoro


Umwana w'umunyayemeni aryamye ku bibero vya Nyina mu kigo c'i Sanaa kivura ikiza ca Kolera
Umwana w'umunyayemeni aryamye ku bibero vya Nyina mu kigo c'i Sanaa kivura ikiza ca Kolera

Umukuru w’igihugu ca Yemeni yaranse integuro y’amasezerano y’amahoro yateguwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Ni mugihe indege za Arabiya Sawudite zimushigikiye zagavye ibitero vyahitanye ibitigiri binini vy’abamurwanya, hatavuzwe abasivile hamwe n’imbohe mu bumanuko bushira uburengero bw’igihugu.

Intumwa idasanzwe ya ONU muri Siriya, Ismail Ould Cheikh Ahmed yashikirije ibiri mur’ayo masezerano perezida wa yemeni Abdu Rabu Mansour Hadi kur’uyu wa gatandatu .

Itororokanirizo ry’amakuru ry’abanyamerika Reuters ryatangaje ko mur'ayo masezerano harimwo gusaba Perezida Hadi gushinga reta nshasha. Ivyo navyo akaba yavyanse.

Hagat’aho, ivyabona bivuga ko indege zateye mu burengero bw’igisagara ca Taiz bihitana abanyagihugu bashika 17 baba mu bice abayisilamu bo mu bwoko bw’abahuti bariko barwanira n’abasirikare ba reta bashigikiwe na Arabiya Sawudite.

XS
SM
MD
LG