Uko wahagera

Ingingo ya ONU Isaba Iziririzwa ry'Ibirwanisho vy'Ubumara


Ibihugu bigize ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, vyatoye ata na kimwe kivuyemwo ingingo ishobora gushikana kw’iziririzwa ry’ibirwanisho ruhonyanganda.

Ku musi wa kane, akanama k’ishirahamwe O-N-U, kajejwe gukuraho ibirwanisho n’ukwubahiriza umutekano mu makungu, katoye kwemeza ingingo isaba ibiganiro ku masezerano mashasha aziririza ibirwanisho ruhonyanganda. Ivyo naho vyarwanijwe n’ibihugu bifise ivyo birwanisho.

Umuyobozi nshingwabikorwa w’umugambi ujejwe gukuraho ibirwanisho ruhonyanganda mu makungu, Beatriz Fihn, avuga ko ayo masezerano atazozimanganya ibirwanisho ruhonyanganda buno nyene.

Avuga kandi ko yamara ayo masezerano azoshiraho uburyo bushasha bwiyamiriza ivyo birwanisho kandi busaba ibihugu gufata ingingo zihutirwa ku vyerekeye kubikuraho.

Fihn, avuga ko ingingo yafashwe n’ibihugu bigize ishirahamwe O-N-U, ari ingingo ihambaye cane, naho bitazokworoha na gato kwumvisha ibihugu kurandurana n’imizi ibirwanisho ruhonyanganda.

Iyo ngingo iraba gusa ibihugu vyayishizeko umukono, yashikirijwe n’ibihugu vya Autriche, Brezil, Irlande, Nijeriya, Mexique na Afrika y’epfo, yemejwe n’amajwi 123 kuri 38, mu gihe ibihugu 16 bitavuze aho bihagaze.

Ibihugu bifise ibirwanisho ruhonyanganda vyagerageje uko bishobora kwose kugira ntihabe amatora.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Israel, Ubufransa, Uburusiya n’ubwongereza, biri mu bihugu vyatoye kwiyamiriza iyo ngingo. Ubushinwa, Ubuhindi na Pakistani nta ruhande na rumwe vyatoye.

XS
SM
MD
LG