Uko wahagera

Indege yari ireruye Mike Pence Yaranyereye


Mike Pence, icegera c’umukandida Donald Trump arikumwe n'abajejwe gutabara.
Mike Pence, icegera c’umukandida Donald Trump arikumwe n'abajejwe gutabara.

Indege yari ireruye Mike Pence, icegera c’umukandida Donald Trump yaranyereye, aho yariko irururuka, k'umugoroba wo kur’uyu wa kane, ku kibuga c’indege ca LaGuardia mu Gisagara ca New York.

Nta muntu yakomeretse. Amasanamu yerekanye Pence ari hanze y’indege, aho yariko arashimira abajejwe gutabara impanuka, uburyo bihuse kuhaseruka.

Igihe iyo ndege yariko irururuka hariko hagwa imvura nyinshi. Abantu bari hagati ya mirongo itatu na mirongo ine nibo bari mur’iyo ndege. Ico kibuga c’indege kikaba caciye kiba kirugagwa.

XS
SM
MD
LG