Uko wahagera

Ibihugu Vyose vy'Afirika Ntibizova muri CPI


Abagize Sentare mpuzamakungu Mpanavyaha y'i LaHaye mu Buholande

Afrika y’epfo n’Uburundi vyararungikiye umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, amakete y’ukuva muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha. Igihugu ca Gambiya gitangaza ko kizobigenza nk'uko.

Angela Mudukuti, umuhinga mu vyerekeye amategeko mpanavyaha mu makungu, akorera ikigo, Southern Africa Litigation Center, avuga ko n'ivyo atari ibintu bishasha.

Amenyesha ko uko umwaka utashe, nko muri iki gihe babona bintu nk'ivyo, aho ama Reta avuga ko agiye kuva muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha, ngo yamara amaherezo ntibishire mu ngiro uwo mugambi.

Mudukuti, avuga ko Namibiya yatangaje ko kigiye kuva muri CPI, mu mwaka uheze, Kenya imaze imyaka itari mike ivuga nk'uko, Uganda nayo nyene yaravuze ku vyerekeye uwo mugambi.

Amenyesha ko hari ibihugu bitari bike vyagabishije kuva mur'iyo sentare, yamara mu vy’ukuri ata kintu na kimwe vyakoze.

Yamara, Angela Mudutuki, avuga ko muri iki gihe hari ibihugu vyatanguye uwo mugambi, ngw’ibintu biratandukanye. Atangaza ko hashobora kuba ibindi bihugu bifata iyo nzira.

Abategetsi b’igihugu vyo muri Afrika bamaze igihe biyamiriza ivyo bavuga ko sentare mpuzamaku mpanavyaha ifise aho ihengamiye. Batangaza ko aribo bonyene bakwirikiranwa.

XS
SM
MD
LG