Uko wahagera

Burundi: Amasezerano y'i Arusha Asabwa Gufutwa


Mu gihugu hagati, ibiganiro vyuguruwe icese ku rwego rw’intara kw’igenekerezo rya 19 ukwezi kwa mbere mu 2016. Vyugururiwe mu ntara ya Kirundo mu nzu y’amakoraniro y’ishure ryisumbuye rya Kanyinya
Mu gihugu hagati, ibiganiro vyuguruwe icese ku rwego rw’intara kw’igenekerezo rya 19 ukwezi kwa mbere mu 2016. Vyugururiwe mu ntara ya Kirundo mu nzu y’amakoraniro y’ishure ryisumbuye rya Kanyinya

Ibiganiro bihuza abarundi vyari bigeze ku rwego rw’amakomine, vyasozerewe icese muri komine ya Kirundo.

Musenyeri Justin Nzoyisaba arongoye umugwi w’iguhugu ujejwe gutunganya ivyo biganiro, niwe yabisozereye.

Ivyiyumviro vyagumye bigaruka aho uwo mugwi wagiye urabitunganya, nivyo vyagumye bigaruka no mukubisozera. Navyo ni ugufuta amasezerano ya Arusha, gufuta ibiringo vy’ukwitoza ku mukuru w’igihugu no guhinyanyura ibwirizwa nshingiro.

Musenyeri Justin Nzoyisaba
Musenyeri Justin Nzoyisaba

Abadashigikiye ivyo vyiyumviro babonetse,naho batari benshi. Mu vyo basaba, harimwo kubahiriza amasezerano ya Arusha.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, umukuru w’umugwi yamenyesheje ko ashima uko vyagenze. Musenyeri Nzoyisaba vugako igikorwa batumwe vyashobotse ko bagisoza.

Ashimira leta yatanze uburyo, abajejwe intwaro bubahirije umutekano w’abanyagihugu bavyitabiriye.

Afatiye ku misi ikiringo umugwi wahawe gutunganya ibiganiro, Musenyeri Nzoyisaba avugako kubandaniriza hakurya y’igihugu bitoroshe nk’uko vyari mu nteguro.

Umukuru w’umugwi avugako vyari bitegekanijwe ko ibiganiro bibandaniriza mu makambi y’impunzi ari hanze, kubonana n’abanyapolitike iyo bari mu bindi bihugu no gushikana ibiganiro ku mitumba.

Uwuhagarariye umugwi w’igihugu ujejwe gutunganya ibiganiro hagati y’abarundi ,amenyeshako imisi ikiringo umugwi wahawe ari mikeya kugira bashobore gushikana ibiganiro aho hasigaye.

Musenyeri Justin Nzoyisaba ati vyoshoboka umugwi arongoye wongewe ikiringo.

Mu gihugu hagati, ibiganiro vyuguruwe icese ku rwego rw’intara kw’igenekerezo rya 19 ukwezi kwa mbere mu 2016. Vyugururiwe mu ntara ya Kirundo mu nzu y’amakoraniro y’ishure ryisumbuye rya Kanyinya.

Ni no muri ico kibanza nyene vyasozererewemwo ku rwego rw’amakomine.

XS
SM
MD
LG