Uko wahagera

Nta Mwimukira Ukiboneka Mw'Ikambi Iri I Calais


Abategetsi b’igihugu c’Ubufransa bafashe ingingo y’ugukura abimukira mw’ikambi yo mu gisagara ca Calais
Abategetsi b’igihugu c’Ubufransa bafashe ingingo y’ugukura abimukira mw’ikambi yo mu gisagara ca Calais

Abategetsi b’igihugu c’Ubufransa batangaje, kw’ikambi y’impunzi iri hafi y’igisagara ca Calais, mu buraruko bw’igihugu c’Ubufransa igaragara.

Ibice bitari bike vyo muri iyo kambi vyaraturiwe n’abimukira bariko bategekwa kuyivamwo.

Abategetsi b’igihugu c’Ubufransa bafashe ingingo y’ugukura abimukira mw’ikambi yo mu gisagara ca Calais, mu mugambi w’ukubashira mu bindi bice vyo mu gihugu c’Ubufransa.

Umuvugizi w’abategetsi bo mu karere ka Calais, yatangaje k’umwe mu bimukira yajanywe mu bitaro inyuma yuko akomeretse.

Hafi y’abimukira ijana barakuwe mw’ikambi yo mu gisagara ca Calais, ku musi wa kabiri mw’ijoro, no kuruyu wa gatatu mu gitondo.

Abategetsi b’igihugu c’Ubufransa, batangaza ko y’abantu ibihumbi bine bajanywe mu bibanza bigenewe kubakira mu bice bitandukanye vy’Ubufransa, kuva igikorwa c’ugusambura ikambi yabo mu gisagara Calais, gitanguye ku musi wa mbere.

Iyo kambi yari yakoreshejwe mu kwakira vy’agateganyo, abimukira bari hagati y’ibihumbi bitandatu n’ibihumbi umunani.

XS
SM
MD
LG