Uko wahagera

Sudani yo mu Bumanuko: Inteko za Reta Zagirizwa Ubwicvanyi


Raporo nshasha y’ishirahamwe riharanira agateka ka muntu kw’isi, Amnesty International, itangaza kw’inteko za Reta muri Sudani yo mu bumanuko zishe nimpaka, zongera zifata ku nguvu abanyagihugu, mu gihe inteko z’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U ataco zakoze, igihe haba ugutana mu mitwe ku murwa amukuru, Juba, mu kwezi kw’indwi.

Ugutana mu mitwe, kwamaze imisi itanu, hagati y’inteko zishigikiye prezida Salva Kiir, n’inteko zishigikiye buwahoze ari icegera ca prezida, Riek Machar, kwahitanye abantu amajana abiri na mirongo itanu, abandi ibihumbi mirongo itatu na bitandatu barava mu zabo.

Iyo raporo y’ishirahamwe, Amnesty International, ivuga kw’inteko za Reta zahize abanyagihugu, bifatiye ku bwoko, n’uruhande bahengamiyeko muri politike.

Joanne Mariner, umuhanuzi w’ishirahamwe, Amnesty International, avuga kw’inteko za Reta zishe abvagabo bo mu bwoko bw’aba Nuer, bafata kun guv u abapfasosni na’bigeme, bongera basahura ikivunga.

Ishirahamwe, Amnesty International, rimenyesha kandi kw’ata kinini inteko zijejwe gucungera umutekano z’ishirahamwe O-N-U, zakoze kugira zihagarike ibitero ku basivile.

Iryo shirahamwe risaba amakungu kemera ubwicanyi bukabije buriko burakorwa na Reta ya Sudani yo mu bumanuko. Iryo shirahamwe risaba amakungu guhagarika ibirwanisho vyinjira muri Sudani yo mu bumanuko.

XS
SM
MD
LG