Uko wahagera

Trump Yagiriza Abademokrate Kubesha ku Vyerekeye Amatora


Umukandida w'umurepublika, Donald Trump
Umukandida w'umurepublika, Donald Trump

Muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, umukandida w’umurepublika, Donald Trump, ari inyuma y’uwo bahiganwa, umudemorate, Hillary Clinton, mu matora y’umukuru w’igihugu yirimirije kuba kw’italiki umunani z’ukwezi kw’icumi na rimwe, yagirije abademokrate, ku musi wa mbere, ko bariko bashikiriza amakuru atariyo, ku vyerekeye amatora. Amenyesha ko bariko bavuga amakuru atariyo mu kuvuga ko bari imbere, mu vyatohojwe ku bijanye n’amatora yimirije, kugira bace intege abamushigikiye.

Donald Trump, amenyesha kw’amakuru atangwa ku bijanye n’amatora atari ay’ukuri. Amenyesha kw’ayo makuru atangwa n’itangazamakuru ritizigiwe, kugira bice intege abamushigikiye.

Ivyo Trump, yabitangarije muri Reta ya Florida, aho yiyamamarije ku musi wa mbere.

Intara ya Florida n’intara ikomeye cane ku bijanye n’amatora y’umukuru w’igihugu azoba kw’italiki umunani z’ukwezi kw’icumi na rimwe.

Imbere yaho Donald Trump, yabwiye abamushigikiye, ko bariko baratsinda amatora. Avuga kw’itangazamakuru ridashaka kubitangaza. Asaba abamushigikiye kwihoza ibishikirizwa n’itangazamakuru mu kuja gutora

XS
SM
MD
LG