Uko wahagera

Abanyakirundo Barahunga Inzara


Mu ntara ya Kirundo,abantu bashika ibihumbi bine baramaze guta ingo zabo. Uburongozi bw’intara ya Kirundo butangaza ivyo biharuro busigura ko bahunga uruzuba. Ni mugihe abo banyagihugu bavugako bahunga inzara itegwa n’urwo ruzuba.

Inzara mu Kirundo
Inzara mu Kirundo

Ijwi ry’Amerika ryasanze umutama w’imyaka irenga 80 ariko aritakambira kw' inzara igire umukwakwanye ku mutumba wa Kiri muri komine ya Bugabira. Uwo mutumba uri ku mupaka w’u Rwanda n’u Burundi, ni nko ku birometero vyababa 50, uvuye ku murwa mukuru w’intara ya Kirundo.

Abahunga benshi bagenda bagurishije utwabo,amazu bakabomora. Hari n’abagurisha utwabo batarafata ingingo yo kugenda kugira baronke ico bararira uwo musi.

Aho twashika ku mutumba wa Kiri, twasanze uwundi munyagihugu ariko asubira kubaka inzu yiwe bushasha .Iya mbere yayibomoye ayironderamwo inkwi yagurishije ibihumbi 2000 kugira aronke ico ararira.

Mu bigurishwa intica ntikize, harimwo n’amatongo. Benshi bavuga ko bipfuza kubigurisha, bakabura abaguzi. Abo banyagihugu bunganiwe n’abatware bo hasi basaba imfashanyo yihuta.

Ikibazo kirazwi mu burongozi bw’intara ya Kirundo. Gerard Ngabonziza umuhanuzi mukuru wa Buramatari w’intara ya Kirundo avuga ko bituruka ku ruzuba ruriko ruraka mu bice bimwe bimwe vy’intara ya Kirundo.

Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika mu Kirundo mu Burundi Jean Bosco Ndarurinze ni we adufitiye iyi nkuru.

please wait

No media source currently available

0:00 0:05:26 0:00

XS
SM
MD
LG