Uko wahagera

Abasivile 3 Bishwe mu Ntara ya Kashmir


Ugutana mu mitwe hagati y’inteko z’ibihugu vy’Ubuhindi na Pakistani, mu ntara irimwo amatati ya Kashmir, kwahitanye abantu batatu, harimwo abana babiri.

Igipolisi c’igihugu c’Ubuhindi catangaje kw’umwana w’umuhungu yishwe, abasivile bane barakomereka, igihe inteko zijejwe gukingira urubibe rwa Pakistani, zarasa ku butaka bw’Ubuhindi bwegereye urubibe, mu masaha ya kare y’umusi wa mbere.

Igisirikare ca Pakistani, catangaje kw’inteko z’Ubuhindi zarashe, mu gice kirimwo amatati, ku rubibe hagati y’Ubuhindi na Pakistani, zica abasivile b’abanya Pakistani babiri.

Pakistani, ivuga ko umwe mu basivile bishwe, yari umwana w’amezi cumi n’umunani, kandi ko abantu indwi bakomeretse, muri ukwo kurasa kwabaye ku musi w’Imana.

Umwuka mubi wariyongeye, mu karere ka Kashsmir, karimwo amatati hagati y’Ubuhindi na Pakistani, kuva mu kwezi kw’icenda, igihe igitero Ubuhindi bwagiriza Pakistani, cahitana abasirikare b’Ubuhindi 19 muri iyo ntara.

Ubuhindi bwishuye mu kugira ibitero vy’indege z’ingwano, ku barwanyi bari ku butaka bwa Pakistani.

XS
SM
MD
LG