Uko wahagera

Amerika: Amasezerano Hagati ya AT&T na Time Warner


AT&T-DIRECTV
AT&T-DIRECTV

Isosiyete yo muri Reta zunze ubumwe za amerika ikomeye cane mu vyerekeye guhanahana amakuru kuri telephone, At&T, yapfunditse amasezerano yo kugura ishirahamwe ritunganya ibiganiro Time Warner, ku madolari angana na miliyaridi 85.

Nk’uko ishirahamwe Time Warner risanzwe ariryo rigaba televiziyo CNN, HBO hamwe na studio itunganya amasinema, The Warner Brothers, itunganya ibiteramo n’utugenegene Batman na Harry Potter, ryateye igikumu kur’ayo masezerano ku musi wa gatandatu.

Uyo mutahe uzokoreshwa mu kugura iryo shirahamwe, uzobanza kwemerwa n’abanyamatungo bashize hamwe umutahe mu kurishinga hamwe n’abategetsi ba reta bagenduza amashirahamwe.

Ayo masezerano aramaze kwemezwa n’abategetsi bo hejuru barongoye ayo mashirahamwe uko ar’abiri.

Ishirahamwe AT&T ryarashikirije urwandiko ku kibanza caryo co gutangarizako amakuru avuga kw’iryo shirahamwe ryashatse guha abanyagihugu, ivyo bipfuza, ivyo navyo ngo akaba ar’uko boshobora kubona ibiganiro bya televiziyo zose bipfuza bakoresheje telephone zabo, maze bakaronka ibindi vyinshi bashobora kuraba, birimwo na za video.

Ivyo rero ngo bizotuma abantu bashobora kuronka ahandi barabira ibiganiro bya televiziyo, hatandukanye n’amashirahamwe yar’asanzwe afise ibyo biganiro.

Umukuru w’ishirahamwe Time Warner, Jeff Bewkes, yavuze ko kuja hamwe n’ishirahamwe At &T, bizokwihutisha uburyo bwo gushikiriza amaprograme meza meza ku buhinga bwinshi butandukanye, cane cane mur’iki gihe abantu benshi baguma basaba programe za video.

Umushingantahe Donald Trump ariko arahiganira ikibanza c’umukuru w’igihugu ku giti c’umugambwe w’Abarepublika, yaciye atangaza ko mu gihe yotsinda amatora, azoburizamwo ayo masezerano, ngo kuko ayo mashirahamwe akomeye cane, yoba agiye kugira inguvu nyishi ziri mu mashirahamwe makeyi.

Amakuru ariko arashikirizwa n’ibiro bijejwe gutangaza amakuru Reuters, avuga ko mu gihe ishirahamwe Time Warner ryoronka uwundi muguzi, atari AT&T, ryoca ririnda kuriha ishirahamwe AT&T, amadolari y’indishi umuriyaridi umwe n’imiliyoni 725 z'amadolari, ngo mu gihe ishirahamwe AT&T naryo ryoca ritegereza kuriha ishirahamwe Time Warner, imiliyoni 500, mu gihe abagenduzi ba Reta Zunze ubumwe za Amerika, bokwankiriza ayo masezerano.

XS
SM
MD
LG