Uko wahagera

ONU Igiye Gutohoza ku Vyaha vyo Mu Ntambara Muri Aleppo


Inama y’ishirahamwe mpuzamakungu ijejwe ivy’agateka kazina muntu yemeje kur'uyu wa gatanu ko hakwiye gutanguzwa amatohozwa yigenga ku vyaha bihohotera ikiremwa muntu mu gisagara ca Aleppo muri Siriya.

Mu bihugu 47 bigize ako kanama, 24 nivyo vyacemeje, 7 biragihakana, 16 nabo ntaco babivuzeko. Abatagishigikiye ni Algeriya, Boliviya, Uburundi, Ubushinwa, Cuba, Uburusiya na Venezuela.

Ico cemezo gisaba gutohoza ku bagirizwa ubwicanyi mu gisagara ca Alepo kandi bakanarengutswa imbere y’Ubutungane mpuzamakungu.

Imbere y’uko cemezwa, Uburusiya bwagerageje guhinyanyura bimwe mu bigabane bikigize kugira buvyegeke kubarwanya reta ya Bashar al-Assad bubita abakora iterabwoba ariko vyabaye impfagusa.

ONU yaciye igirako isaba ko reta ya Siriya n’abayishigikiye bahagarika ibitero kuba sivile no ku nyubakwa zifasha abasivile bidatevye mu gisagara ca Aleppo.

XS
SM
MD
LG