Abagenduzi b’ishirahamwe mpuzamakungu muvy’agateka kazina muntu basohoye kur’uyu wa gatanu icegeranyo ku matohoza bakoze ku bwicanyi bwabaye muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo mubihe vy’imigumuko mu kwezi kurangiye.
ONU itangaza ko abantu bashika 53 aribo bishwe kandi ko benshi bishwe bari mu minwe y’abajejwe gucungera umutekano.
Reta ya Kongo yo yatangaje ko igitigiri c’abasize ubuzima mur’iyo migumuko ari 32 gusa kandi ko bapfuye bariko batana mu mitwe n’abigaragamvya biyamiriza ugutevya gutunganya amatora.
Reta ibandanya ivuga muri raporo yayo ko ubwo bwicanyi bwakozwe n’abariko baragumuka.
Ni mugihe abatavugarumwe n’ubutegetsi muri Kongo biyamiriza ibishikirizwa na reta co kimwe n’abaharahira agateka kazina muntu baba abo mugihu hamwe n’abanyamahanga.
Umushikirizamanza mukuru wa sentare mpuzamakungu mpanavyaha, Fatou Bensouda mu rugendo rw’amasaha makeyi yagize muri Kongo kuwa kane yarashikirije amakenga afise ku vyabaye m’ukwezi guheze kandi asaba abo vyega bose kwihanganirana.