Uko wahagera

Kameruni: Ingenzi 53 Zapfuye mw'Isanganya ry'Igariyamoshi


Igariyamoshi yo muri Kameruni yar’itwaye abantu benshi cane ivuye k’umurwa mukuru Yaoundé igana mu gisagara ca Douala, yarataye inzira iratemba, ingenzi zishika 53 zirahasiga ubuzima kur’uyu wa gatanu.

Umushikiranganji wo gutwara abantu n’ibintu muri Kameruni, Edgar Alain Mebe Ngo'o yatangaje ko abandi bantu bashika 300 bakomeretse.

Itororokanirizo ry’amakuru Reuters ryatangaje ko iyo gariyamoshi yar’isanzwe ifise ibiduga icenda bikwegana, ariko ko mur’ako gatondo hari hongeweko ibindi biduga umunani kugira bashobora gutwara ingenzi nyinshi.

Reuters kibandanya kivuga ko iryo barabara ry’indarayi rihuza ivyo bisagara bibiri ryari ryazibiwe n’imisozi yasenyutse hamwe n’ibisigarira vy’ikiraro cahitanwe n’imvura.

Nayo itororokanirizo ry’amakuru ry’abanyamerika, Associated Press ryatangaje ko mu bisanzwe iyo gariyamoshi yar’igenewe gutwara abantu 600 ariko ico gihe yari yapakiye 1300.

XS
SM
MD
LG