Uko wahagera

Somaliya: Umumenyeshamakuru Hamza Mohamed Yarekuwe


Abategetsi ba Somaliya barekuye umumenyeshamakuru Hamza Mohamed akorera ikinyamakuru al-Jazeera, hamwe n’abandi bari kumwe barimwo uwufata amasanamu, inyuma y’imisi ibiri bari bamaze mu minwe y’ubutungane.

Abajejwe umutekano bari bafashe abo bagabo inyuma yaho bari bavuye mu karere kagenzurwa n’umuhari w’iterabwoba wa al-Shabab.

Umushikiranganji wa Somaliya ajejwe kumenyesha amakuru, Mohamed Abdi Mareye yabwiye ijwi ry’Amerika ko abo bagabo binjiye muri Somaliya reta itabizi, baja mu karere karimwo abakora iterabwoba kandi ko bagira bave mu gihugu batwaye amakuru yo ku ruhande rumwe.

Somaliya kizwi kuva kera ko ar’igihugu kigoye gukorerwamwo umwuga wo kumenyesha amakuru kw’isi.

Umunyamabanga mukuru w’urunani rw’abamenyeshamakuru muri Somaliya, Mohamed Ibrahim Moallimu, yatangaje ko abamenyeshamakuru batatu bamaze kwicwa muri Somaliya uyu mwaka, abarenga cumi nabo nibo bamaze kwicwa kuv’aho igihugu cinjiriye mu ntambara mu mwaka w’1991.

XS
SM
MD
LG