Uko wahagera

Igabanuka ry'Ibiciro vy'Incandago Bizokiza Imiliyoni n'Imiliyoni y'Abana


Ikimenyetso c'ishirahamwe UNICEF
Ikimenyetso c'ishirahamwe UNICEF

Ishami ry’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, UNICEF, rimenyesha kw’igabanuka rikomeye ry’ibiciro vy’’incandago zikenewe cane ku bana, bizotuma abana imiliyoni n’imiliyoni badapfa, mu bihugu bikenye kurusha ibindi vyo kw’isi.

Ishirahamwe UNICEF, ritangaza kw’abana umuliyoni n’ibihumbi amajana atanu, bari musi y’imyaka itanu, bapfa uko umwaka utashe bahitanywe n’indwara zishobora kwirindwa, hakoreshejwe incandago.

Bivuye ku masezerano akomeye n’amasosiyete atandatu akora imiti ku bijanye n’ukugabanya ibiciro vy’incandago, bizotuma benshi mu bana bopfuye barokoka.

Igitigiri c’abana bari musi y’imiliyoni zitanu n’amajana indwi bazopfa, hagati y’umwaka w’i 2011 n’umwaka w’i 2020, mu bihugu mirongo umunani bizotanga izo ncandago zizimbutse.

Ishirahamwe UNICEF, rimenyesha ko vyafashe igikorwa c’ugutuma igiciro c’incandago ku bana kigabanuka, imyaka 16.

Ishirahamwe UNICEF, rivugako igiciro kiri hasi c’incandago, kizokwerekana ubudasa hagati y’ukubaho n’ugupfa.

XS
SM
MD
LG