Uko wahagera

Iraki Itangaza Intambara muri Mosul


Ibiduga vy'intambara vya Iraki bigana ku kirindiro c'i Qayyarah mu myiteguro yo gukura Mosul mu minwe ya Reta ya Kiyisilamu.
Ibiduga vy'intambara vya Iraki bigana ku kirindiro c'i Qayyarah mu myiteguro yo gukura Mosul mu minwe ya Reta ya Kiyisilamu.

Umushikiranganji wa mbere wa Iraki Haider al-Abadi yatangaje ko igihugu kigiye gutanguza intambara ya gisirikare yo kwirukana umuhari wa reta ya Kiyisilamu mu gisagara ca Mosul.

Iryo tangazo yarishikirije mu gatondo ka kare kur’uyu wa mbere. N'intambara ikomeye izoba ibaye kuv’aho abasirikare ba Leta zunze ubumwe z’Amerika bakuriyeho akarenge haraheze imyaka itanu.

Sekreteri w’Amerika ajejwe kwivuna abansi, Ash Carter nawe yatangaje ko iyo ngingo ihambaye mu rugamba rwo kurwanya umuhari wa reta ya Kiyisilamu kandi agasaba inteko mvamakungu zirongowe n’Amerika gufasha mur’ico gikorwa.

XS
SM
MD
LG