Uko wahagera

USA: Nta Ntambara ya Gisirikare muri Siriya


Sekreteri wa Reta muri Amerika John Kerry (Iburyo) n'umushikiranganji w'Ubwongereza ajejwe imigenderanire Boris Johnson( Ibubamfu)
Sekreteri wa Reta muri Amerika John Kerry (Iburyo) n'umushikiranganji w'Ubwongereza ajejwe imigenderanire Boris Johnson( Ibubamfu)

Sekreteri wa reta wa Leta zunze ubumwe z’Amerika John Kerry yamenyesheje ko Amerika n’Uburayi ata ntambara ya gisirikare biteguriye kurwana muri Siriya n’aho Uburusiya bwananye guhagarika ibitero.

Amenyesha ko inzira zose zuguruwe kuri Amerika hamwe n’abayishigikiye ku kibazo co muri Siriya.

Kerry k’umusi w’Imana yaragiranye ibiganiro I Londres n’umushikiranganji w’Ubwongereza ajejwe imigenderanire, Boris Johnson, inyuma y’aho yar’ahejeje kubonana n’umushikiranganji w’Uburusiya w’imigendaranire Sergei Lavrov n’abandi badiplomate mu Busuwisi.

Kerry ariko yaragabishije ko Uburusiya na Siriya bishobora gufatirwa ibihano bivanye n’ibiriko birabera mu gisagara ca Aleppo.

XS
SM
MD
LG