Amakuru y’abantu begereye umwami Kigeli V Ndahindurwa, yatangarije Ijwi ry’Amerika, kw’umwami Kigeli V Ndahindurwa, yatanze mw’ijoro ryo ku musi wa gatandatu, mu gisagara ca Oakton, muri Reta ya Virginiya, muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.
Umwami Kigeli V Ndahindurwa, yari afise imyaka 80 y’amavuko, yaba muri Reta Zunze Ubumwe z'Amerika nk’impunzi.
Kigeli, yavutse mu mwaka w’i 1936, yabaye umwami w’u Rwanda, mu mwaka w’i 1959, afise imyaka 23.
Yahunze u Rwanda mu mwaka w’i 1960.