Uko wahagera

Abigeme bo muri Liberiya Baraganira Inzitizi ku Bijanye n'Indero


Abigeme b’Abanyaliberiya mirongo ibiri na babiri bari i Washington DC, mu mugambi wa Reta Zunze za Amerika, w’ugutuma abana b’abakobwa baja mu mashsule, Let Girls Learn.

Urwo rugendo rukwirikiye urugendo umupfasoni wa prezida wa Amerika, Michelle Obama, yagize mu bihugu vya Liberiya na Maroc, mu kwezi kwa gatandatu, aho yashimikiye ku bijanye n’indero ku bana b’abakobwa.

Mua kiringo c’indwi bazomara i Washington, abana b’abigeme 22 bo muri Liberiya, bazogendera inyubakwa nshasha iranga kahise n’imico y’abirabure b’abanyamerika. Abo bigeme bazogendera kandi ingoro ya prezida, Maison Blanche. Abo bigeme bariko bafungura muri Ambasade ya Liberiya, i Wshington, baravuze ku bibazo bahura navyo, mu gihe baba bariko bageraza kwiga.

Abo bigeme bavuga ko bashimira Ambasade ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika, ku murwa mukuru wa Liberiya, Monronvia, kuba yatumye urugendo rwabo i Washington rushoboka.

Batangaza kw’umupfasoni wa prezida wa Amerika, Michelle Obama, yabahaye ingoga z’ukutigera baheba kwiga naho bafise ibibazo bitari bike.

Ku bwa Ambasade ya Reta Zunze Ubumwe za Ameika, ku murwa mukuru wa Liberiya, Monronvia, abo bigeme 22 batowe kubera bagize uruhara mu nyigisho zishigikiwe n’ibiro vya Amerika bijejwe iterame mu makungu, USAID n’ishirahamwe, Peace Corps, hamwe n’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

XS
SM
MD
LG