Uko wahagera

Tayilande: Umwami Adulyadej Yadyamiye Ukuboko kw'Abagabo


Umwami w’igihugu ca Thailand Bhumibol Adulyadej, yadyamiye ukuboko kw’abagabo, uno musi ku wa kane, afise imyaka 88.

Amagara y’umwami Bhumibol Adulyadej, yari amaze igihe ameze nabi. Yamaze imyaka yiwe ya nyuma ari mu bitaro, ku murwa amukuru, Bangkok.

Abanyatayilande amajana n’amajana barasengeye umwami Adulyadej, ku musi wa gatatu, no ku musi wa kane, hanze y’ibitaro yarimwo ku murwa mukuru, Bangkok.

Umwami Bhumibol Adulyadej, yari azwi kandi kw’izina rya Rama IX, yimitswe afise imyaka cumi n’umunani, mu mwaka w’i 1946, inyuma yuko uwo bavukana, umwami Ananda Mahidol, yishwe arashwe mu buryo budasobanutse, afise imyaka mirongo ibiri.

Umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Thailande, Prayuth Chan-ocha, yatangaje kw’uwuzosubirira umwami Bhumibol Adulyadej, yagenywe haheze imyaka itari mike. Atangaza ko Reta yiwe izomenyesha inama nshingamateka ku ngingo yayo.

Abategetsi b’igihugu ca Thailande bazokwubahiriza ikiringo c’ukugandara c’umwaka, kuva ejo ku musi wa gatanu.

Vyari bitegekanijwe kw’inama nshingamateka ikorana, uno musi ku wa kane, igihe c’isaha zitatu zo mw’ijoro, mu masaha yo muri Thailande.

XS
SM
MD
LG