Uko wahagera

Nijeriya: Igisasu Cahitanye Abantu 7


Abategetsi ba Nijeriya batangaje ko ico gisasu caturikiye muri tagisi yariko yegereza sitasiyo y’igitoro
Abategetsi ba Nijeriya batangaje ko ico gisasu caturikiye muri tagisi yariko yegereza sitasiyo y’igitoro

Abantu bashika ku ndwi bapfuye abandi 15 barakomeretswa n’igisasu caturitse kur’uyu wa gatatu k’umugwa mukuru w’intara ya Borno iri mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nijeriya.

Ikigo c’igihugu kijejwe ibikorwa vyo gutabara catangaje ko batandatu bapfiriye aho haturikiye igisasu, uwundi umwe apfiye ku bitaro.

Nta muhari n’umwe uremenga ko ariwo wabikoze.

Abategetsi ba Nijeriya batangaje ko ico gisasu caturikiye muri tagisi yariko yegereza sitasiyo y’igitoro. Igice c’Uburaruko bushira ubuseruko bwa Nijeriya kimaze imyaka indwi kivugwamwo umuhari w’iterabwoba wa Boko Haram, aho abantu barenga 20,000 bamaze kwicwa.

XS
SM
MD
LG