Uko wahagera

Burundi: Abasenateri Batoye Integuro y'Itegeko ryo Kuva Muri CPI


Uburundi bwinjiye mu ndyane zifatiye kuri politike inyuma y’aho Perezida Pierre Nkurunziza atahukanye intsinzi mu kiringo kigira gatatu, ico bamwe bavuga ko kitubahirije ibwirizwa nshingiro
Uburundi bwinjiye mu ndyane zifatiye kuri politike inyuma y’aho Perezida Pierre Nkurunziza atahukanye intsinzi mu kiringo kigira gatatu, ico bamwe bavuga ko kitubahirije ibwirizwa nshingiro

Inama nshingamateka y’Uburundi yatoye integuro y'itegeko ryo kuva muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha kur’uyu wa gatatu.

Iyo ngingo ifashwe inyuma y’amatohozwa ya ONU yariko iratohoza ko hoba harabaye ihototezwa ry’agateka kazina muntu mur’ico gihugu co mu buseruko bwa Afrika.

Abashingamateka 94 kw’110 nibo bemeje integuro y’itegeko rituma Uburundi buva mur’iyo sentare Mpuzamakungu.

Imbere y’iyemezwa ry’iryo tegeko umushikiranganji w’ubutungane Aimée Laurentine Kanyana yabanje gusigurira abashingamateka igituma Leta y’Uburundi yiyumvira kuva muri sentare mpanavyaha mpuzamakungu y’i la Haye.

Uwo mushikiranganji yashikirije ko iyo sentare atakindi ikora kuva ishingwa atari ugutoteza ama Leta akenye kandi ko itahengeshanije kwakira ibirego vy’abashize iguhugu c’Uburundi mu kangaratete.

Ariko abashingamateka bamwe bamwe bashikirije amakenga hamwe iryo tegeko ryemejwe. Akarorero n’ak’umushingamateka yigenga Fabiyano Banciryanino yatowe mu ntara ya Bubanza. Yashikirije ko bitazotuma ubwicanyi buba umurengera mu Burundi.

Co kimwe no ku yandi makenga yashikirijwe umushikiranganji w’ubutungane yishuye ko ataco igihugu c’Uburundi gihomba kivuye mur’iyo sentare.

Uburundi bwinjiye mu ndyane zifatiye kuri politike inyuma y’aho Perezida Pierre Nkurunziza atahukanye intsinzi mu kiringo kigira gatatu, ico bamwe bavuga ko kitubahirije ibwirizwa nshingiro.

Inyuma y’aho mu kwezi kwa kane umwaka w’2015 atangarije ko azokwitoza, haciye hatangura imyiyerekano mu mabarabara, aho har’abahasize ubuzima batari bake, abagera ku 300,000 barahunga igihugu.

K’umusi wa mbere, Uburundi bwarafashe ingingo yo kubuza abahinga ba ONU batatu bakoze amatohoza gusubira kwinjira ku butaka bw’Uburundi, inyuma y’aho hasohorewe raporo ivuga ko hashobora kuba ivyaha vy’ihonyabwoko.

Iryo bwirizwa ryo kuva muri sentare mpuzamakungu ryaciye rirungikirwa inama nkenguzamateka, yiharijwe n’umugambwe uri k’ubutegetsi, mu nyuma rizoca rirungikirwa umukuru w’igihugu imbere yuko ryemezwa nk’itegeko ry’igihugu.

Nta gihugu na kimwe cari bwafate ingingo yo kuva mur’iyo sentare, ariko ibihugu vya Afirika biramaze kugaragaza ko bitayizigiye mu kuvuga ko icira imanza amareta y’Afrika gusa.

Mu manza zitandatu iriko iraca canke n’izo yimirije, iyo sentare imaze gucira imanza abanyafirika gusa.

XS
SM
MD
LG