Uko wahagera

Donald Trump Yakuweko Amaboko n'Abarepubulika Bakomeye


Muri Leta zunze Ubumwe z’Amerika, umukandida w’umugambwe w’abarepublika mu matora y’umukuru w’Igihugu Donald Trump yifatiye mu gahanga abategetsi bo mur’uyo mugambwe ko bamutanye ibikorwa vyo kwiyamamaza.

Mu butumwa bwa Twitter, Trump yatangaje ko Paul Ryan arongoye inama nshingamateka ar’umutegetsi adafise inkomezi n’ubushobozi; n’inyuma y’aho Paul Ryan abwiriye abandi bo mu mugambwe w’aba republika kur’uyu wa mbere ko atagisubira gufasha Trump mu bikorwa vyo kwiyamamaza.

Umushingantahe Ryan ashikiriza ko agiye gushira inguvu nyinshi mu myiyamamazo ku bibanza vyo mu nama nshingamateka kugira abarepublikani bagumane imyanya myishi aho kuyihebera yose abo mu mugambwe w’abademokrate.

Donald Trump abandanya atakaza amajwi ku rubuga rwo kwiyamamaza aho hatanguye kunuganugwa ko Hillary Clinton ashobora kuba umukenyezi wa mbere agiye gutwara Amerika.

XS
SM
MD
LG