Uko wahagera

ONU Isabira Imfashanyo Haiti


Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryasavye imfashanyo ku banyagihugu bo muri Haiti baharurwa mu bihumbi amajana basinzikajwe n’igihuhusi kivanze n’imvura cahitiye mur’ico gihugu mu ndwi iheze.

ONU isaba imiliyoni zishika 119 z’amadolari y’abanyamerika yo gufasha kuronsa abanyagihugu ibifungurwa, amazi yo kunywa hamwe n’ibisakazo kubasinzikaye kurusha abandi.

Ambasaderi aserukira Haiti muri ONU, Pierre-Andre Dunbar yatangaje ko abanyagihugu basinzikaye cane.

Abantu baharurwa mu majana nibo basize ubuzima mur’ico gihuhusi, mugihe igihugu cari kikiri mu mibabaro casizwemwo na nyamugigima yihaye inkumbi mu mwaka w’2010.

XS
SM
MD
LG