Uko wahagera

Etiyopiya Mubihe Bidasanzwe vy'Amezi Atandatu


Abigaragamvya mu ntara ya Oromiya bahanganye n'abajejwe umutekano
Abigaragamvya mu ntara ya Oromiya bahanganye n'abajejwe umutekano

Reta ya Etiyopiya yatangaje ko yashinze ingingo yo gushira igihugu mu bihe bidasanzwe mu kiringo c’amezi atandatu, ingingo yafashwe bivanye n’imigumuko yiyamiriza reta ihitiye mu gihugu.

Umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya, Hailer-mariam Desa-legn amenyesha ko iyo ngingo yafashwe kugira bahagarike ibitero bimaze imisi bigirwa n'abagumuka ku nyubakwa za reta n’abikorera utwabo.

Mwomenya ko iyo migumuko yatanguriye mu ntara ya Oromiya mu mpera z’umwaka w’2015. Abigaragamvya batanguye basaba gusubizwa amatongo, ariko ubu basaba kugira uburenganzira muvya politike, muvy’ubutunzi no kwubahirizwa mu mico yabo.

XS
SM
MD
LG