Uko wahagera

Yemeni: Abarenga 80 Bishwe n'indege Bari Ku Maziko


Abanyagihugu bariko baraba ahatewe n'indege, hariko habera amaziko y'umuvyeyi w'umushikiranganji muri Yemeni

Indege z’ibihugu vy’abarabu birongowe na Arabiya sawudite zaragavye ibitero k’umurwa mukuru Sanaa wa Yemeni kur'uyu wa gatandatu zica abantu 82 zikomeretsa abaharurwa mu majana.

Abo bantu bari ku maziko y’umuvyeyi wa Galal al-Rawishan, umushikiranganji w’intwaro mu gihugu hagati, muri reta y’abayisilamu bo mu bwoko bw’abahuti. Hari n’amakuru avuga ko Al-Rawishan yakomeretse bikomeye.

Ababonye igihe vyaba bavyagiriza inteko mpuzamakungu z’ibihugu vy’abarabu zirongowe na Arabiya Sawudite, bashigikiye reta yemewe n’amakungu irongowe na Perezida Ab'd Rabbo Mansour Hadi.

Ariko izo nteko zatangaje ko ata ruhara bafise mur’ivyo bitero.

Abo basirikare barongowe na Arabiya Sawudite ntibahengeshanya gushigikira abasirikare b’uruhande rwa Perezida Hadi mu ntambara imaze guhitana abantu barenga ibihumbi cumi kuva itangura mu kwezi kwa gatatu umwaka w’2015.

XS
SM
MD
LG