Uko wahagera

Inama yo Gusuzuma Imfashanyo ku Burundi


Intumwa z'ubumwe bwa Bulaya zari mu rugendo mu Burundi
Intumwa z'ubumwe bwa Bulaya zari mu rugendo mu Burundi

Muriyo nama abafasha Uburundi bazorabira hamwe ukuntu imfashanyo zohabwa ico gihugu zotangwa. Abiyemeje kuzotanga amafaranga bazokwerekana ibisata bakeneye gufasha n’ayo bazotanga uko angana.

Abari barahagaritse nabo kazoba ari akaryo ko kwerekana aho bahagaze muri kino gihe. N’ukuvuga ko bashobora guhindura ingingo bafashe canke bakazikomeza.

Ishirahamwe OLUPPHAD (Organisation de lutte contre la fraude et appui au developpement) rigwanya urudandazwa rwa magendu rigaharanira iterambere risaba abafasha Uburundi guca inkoni ngufi kuko ibihano ahanini bifise ingaruka mbi ku banyagihugu.

Bamwe mu bafasha Uburundi nk’ubumwe bwa Bualaya ari nabwo buza mu kibana ca mbere baramaze kwerekana aho bahagaze. Koen Vervaek yararongoye intumwa zagendeye Uburundi mu ntango z’iyi ndwi.

Ishirahamwe OLUPHAD risaba ubutegetsi guhasha abohirahira bakanyonora amafaranga yotangwa mu gihe yosubira kwizerwa n’abayifasha.

Ibihano Leta y’Uburundi yafatiwe n’abayifasha ivyakira nk’akarenganyo. Isigura ko abafasha Uburundi bafatiye ku makuru y’ibinyoma bahabwa na bamwe mu batavuga rumwe n’ubutegetsi bashaka kubushikira babanje gutyoa inzego zihari ubu.

Mbere ku musi wa mbere w’iyi ndwi umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu Alain Aime Nyamitwe yanditse asaba ko ibihano vyose vyafatiwe Uburundi vyofutwa. Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Eloge Willy Kaneza i Bujumbura ni we atugezaho iyi nkuru.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:28 0:00

XS
SM
MD
LG