Uko wahagera

USA: Tim Kaine na Mike Pence Barahariye k'Umusi wa Kabiri


Mike Pence, yagenywe kuba icegera c’umukandida w’umurepublika, Donald Trump, na Tim Kaine, yagenywe kuba icegera c’umukandira w’umudemokrate, Hillary Clinton, barahariye mw’ijoro ry’ejo ku musi wa kabiri. Umwe umwe wese ku ruhande rwiwe yaranebaguye imigambi y’uruhande bahiganwa.

Pence na Kaine bahuye mu mpari ziba incuro imwe gusa hagati y’abunganira abakandida bahiganwa mu matora ya perezida azoba muri Reta Zunze Ubumwe z'Amerika, mu kwezi kw’icumi na rimwe.

Baraciranyemwo akatari gake mu majambo yabo, igihe baharira ku vyerekeye ibirwanisho ruhonyanganda, uko ibintu vyifashe mu gihugu ca Siriya, hamwe n’ivyerekeye gutunganya gushasha inzego z’ubutungane bwerekeye inkozi z’ikibi, muri Amerika.

Mike Pence, yavuze ko Hillary Clinton, ariwe yategekanije imigambi ya politike yo hanze ya perezida Barack Obama. Imigambi Pence, avuga ko yatumye ibintu biyanzara mu karere ko mu buseruko bwo hagati y’isi.

Pence yagiriza Hillary Clinton, ko yarekuriye Reta ya Kiyisilamu kuvuka, hamwe n’inyifato Uburusiya bufise mur'iki gihe.

Ku ruhande rwiwe, Tim Kaine, yavuze ko Donald Trump, ashira inyungu ziwe imbere y’ibindi vyose. Yagirije Trump, ko afise inyungu ziwe mu vyerekeye ubudandaji mu gihugu c’Uburusiya, muri iki gihe, yamara ko yanse kuzerekana.

Yamara Mike Pence, na Tim Kaine, bompi uko ari babiri barumvikanye ku kamaro k’ugukingira abasivile, mu buraruko bw’igihugu ca Siriya.

XS
SM
MD
LG