Uko wahagera

Uburundi busabwa Guteza Imbere Uburenganzira bwa Muntu


Intumwa z'ubumwe bwa Bulaya zari mu rugendo mu Burundi
Intumwa z'ubumwe bwa Bulaya zari mu rugendo mu Burundi

Mu misi ibiri bari bamaze mu Burundi, intumwa z’ubumwe bwa Bulaya zabonanye n’abantu baserukira ibisata bitandukanye . Mubo babonanye harimwo intumwa za Reta . Uwararongoye izo ntumwa yibukije ko urugendo rwa we na bagenzi be rwari mu ntumbero y’ukuraba aho ivyasezeranywe hagati y’Ubulaya n’Uburundi bigeze, hafatiwe ku ngingo yafashwe mu kwezi kwa gatatu uyu mwaka, aho ivyo bihugu vyahagarika imfashanyo vyahora biha Reta biciye mu masezerano y’i Cotonou. Ayo masezerano akaba agenga imigenderanire hagati y’ibihugu vya Bulaya na Afrurika, Karayibe n’ibahari Pacifike.

N’ubu umuryango wa Bulaya hari ivyubona bitaratomoka. Koen Vervaeke, niwe yararongoye intumwa za Bulaya.

Amenmyesha kobavuganye ku vyerekeye agateka ka zina muntu n’ubwigenge bw’ibimenyeshamakuru, imanza ziriko ziricibwa.

Ubumwe bwa Bulaya buhamagarira kandi Reta n’abatavuga rumwe nayo kwitabira ibiganiro vyimirije i Arusha, mu misi iri imbere.

Koen Vervaeke avuga ko basubiye kwiyemeza agaciro baha umuhuza Mkapa yagenywe n’umuryango wa EAC kugira afashe impande zitandukanye zitumvikana mu Burundi. Ivyo babwiye Reta nivyo babwira abatavuga rumwe nayo n’uko bategerezwa kuja muri ivyo biganiro ata gufyina. Hari ibiganiro bitegekanijwe mu ndwi nkeyai i Arusha.

Bizeye ko Reta izobijamwo n’umutima wose. Umuti wa politike ku bw’ibihugu vya Bulaya biwubona mu masezerano y’i Arusha kuko ubumwe bwa Bulaya bwayasinye nk’icabona. Ayo masezerano ntawutazi ko kuva mu mwaka w’i 2000 yatumye haba iterambere ni naco bakwirikirana muriki gihugu.

Vervaek yamiriye kure ivyo Reta y’Uburundi yagiriza umuryango wa Bulaya ko ariwo watumye hashingwa i Geneve mu ndwi iheze, ingingo y’ukuzana umugwi wo gutohoza mu Burundi.

Kuruyu wa mbere, ahejeje kubonana n’izo ntumwa, umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, Alain Aime Nyamitwe yasohoye itangazo risaba ibihugu vya Bulaya gufuta ibihano vyose vyafatiye Uburundi.

Eloge Willy Kaneza, Ijwi rya Amerika:

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:26 0:00

XS
SM
MD
LG