Uko wahagera

USA: Ivyegera Tim Kaine na Mike Pence mu Kiganiro Kur'uyu wa Kabiri


Ivyegera vyatowe n’abakandida mu matora y’umukuru w’igihugu muri Leta zunze ubumwe z’Amerika, umudemokrate Tim Kaine n’umurepublikani Mike Pence kur’uyu wa kabiri barishura ku bibazo vy’umumenyeshamakuru ku migambi nabo bafitiye igihugu.

Iki kiganiro kije gikurikira icabaye mundwi iheze cahuje umukandida w’umudemokrate Hillary Clinton n’umurepublikani Donald Trump, ikiganiro cateye intege abo mu mugambwe w’abademokrate gica intege bamwe mu mugambwe w’abarepublikani.

Ni muhige kandi Donald Trump kur’uyu wa kabiri yagiye kubandanya imyiyamamazo muri reta ya Arizona, nayo Hillary Clinton akaba yahuriye n’abamushigikiye muri reta ya Pennsylvaniya.

XS
SM
MD
LG