Uko wahagera

Iguhuhusi Matthew Kirabangamiye Jamaica na Haiti


Umukenyezi ariko yikingira imvura mugihe Igihuhusi cegereje i Les Cayes, muri Haiti
Umukenyezi ariko yikingira imvura mugihe Igihuhusi cegereje i Les Cayes, muri Haiti

Igihuhusi kivanze n’imvura ciswe Matthew kiriko kigana ibihugu vya Jamaica na Haiti, umuyaga ushobora kubomora amazu, kigaca intsinga zitwara umuyagankuba kandi gishobora kuvamwo imvura ishobora gutera imyuzure ikabomora imisozi.

Abahinga bagendereza ibihe bavuga ko arico gihuhusi gikomeye kibaye haraheze imyaka yababa cumi. Ico gihuhusi kivanze imvura bavuga ko kigenda ibirometero 230 kw’isaha.

Ico gihuhusi bavuga ko kirengana igihugu ca Jamaica kur’uyu wa mbere hanyuma gitumbere muri Haiti mu nyuma kibandanye mugihugu ca Cuba.

Abo bahinga bavuga kandi ko gishobora kuzonashikira igice c’ubuseruko bwa reta zunze ubumwe z’Amerika.

XS
SM
MD
LG