Uko wahagera

HCR: Ibitigiri vy'Impunzi Kw'isi Birabandanya Kwiyongera


Ishirahamwe mpuzamakungu ONU riragabisha ko ubuzima bw’ibihumbi amajana bw’impunzi zihunga intambara n’ubwicanyi bushobora kubangamirwa kubw’urwanko bagirirwa mu bihugu bahungiramwo.

Raporo y’uyu mwaka iheruka gusohorwa na HCR yerekana ko ibitigiri vy’impunzi zahunze ibihugu canke izahungiye mu bihugu hagati zirenga imiliyoni 65.

Umukuru wa HCR Filippo Grandi amenyesha ko gushik’ubu impunzi zibandanya zihunga muri Siriya. Abandanya amenyesha ko uburenganzira bwo kuronswa ubuhungiro mubindi bihugu buriko buraburizwamwo n’urwanko hamwe n’amajambo ashikirizwa n’abanyepolitike bitwaza impungenge z’umutekano n’iterabwoba.

Abantu bariko bagira amatohoza ku kibanza cabereyemwo ibitero vy'indege muri Aleppo, Siriya
Abantu bariko bagira amatohoza ku kibanza cabereyemwo ibitero vy'indege muri Aleppo, Siriya



Nayo umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU Ban Ki-moon yabwiye intumwa zari mur’iyo nama ko ahangayikishijwe n’intambara ataho zihagaze ziriko zibera mu bice bitandukanye vy’isi.

XS
SM
MD
LG