Uko wahagera

Iraki: Abantu Bashika 10 bahitanwe na Bombe


Abantu bashika cumi bahitanwe n’amabombe yatewe mu duce tubiri tugwiriyemwo abayisilamu bo m’ubwoko bw’aba Shiite k’umurwa mukuru Baghdad wa Iraki kur’uyu wa mbere.

Ivyo bitangazwa n’abategetsi bajejwe umutekano n’abo muvy’amagara y’abantu.

Ibombe ya mbere yagabwe kw’isoko iri mu micungararo y’ahitwa Amil, mu bumanuko bwa Baghdad, ihitana abashika batandatu yongera ikomeretsa abarenga 16.

Iyindi bombe yaturikiye hafi y’igituro c’amatagisi n’ama bus yunguruza abantu ihitana abashika babiri akomeretsa abashika 11. Gushik’ubu nta muhari n’umwe uriyitirira ivyo bitero.

XS
SM
MD
LG