Uko wahagera

Maroke: Abagore Bashaka Kugaba Ibitero vy'Iterabwoba Bafashwe


Abategetsi ba Maroke batangaje kur’uyu wa mbere ko igipolisi cahagaritse abagore 10 bagirizwa kuba mu muhari wa reta ya Kiyisilamu kandi bagirizwa kuba bariko barategura ibitero vy’ubwihevyi mu gihugu.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, muri Maroke amenyesha ko abo bagore bose bagerageje kugira baronke ibirwanisho vy’ubumara bari gukoresha mu kugaba ibitero vy’ubwihevyi bakaba kandi bari batumbereye gutera ibibanza bikomeye vy’igihugu.

XS
SM
MD
LG