Uko wahagera

Perezida Obama Ariyamiriza Ibitero ku Basivile muri Aleppo


Prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Barack Obama, yiyamirije yivuye inyuma ibitero bigayitse cane vy’indege z’ingwano z’ibihugu vy’Uburusiya na Siriya ku basivile, mu buseruko bw’igisagara ca Aleppo.

Ibiro vya prezida, Maison Blanche, bitangaza ko Obama, yavuganye kw’itelefone na Chanceliere w’igihugu c’Ubudagi, Angela Merkel. Abo bategetsi bompi bumvikanye ku vyuko guhagarika ingwano, n’ukurekurira imfashanyo gushika mu gisagara ca Aleppo, bizova ku Burusiya n’intwaro ya Assad.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, John Kerry, yatangaje, imbere yaho, ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika zishobora guhagarika ibiganiro n’Uburusiya, kubera abategetsi b’ico gihugu babandanya kugira ibitero vy’amabombe, ku barwanya ubutegetsi mu buseruko bw’igisagara ca Aleppo.

John Kerry avuga kw’ata kamaro k’ukubandanya kuganira, inyuma yuko Uburusiya bwiyemeje kubandanya aibitero vy’indege z’ingwano.

Umurwi ukwirikirana ibibera mu gihugu ca Siriya, Syrian Observatory for Human Rights, watangaje ejo ku musi wa gatanu, kw’ibitero vy’indege z’ingwano z’Uburusiya zishe abantu barenga ibihumbi icenda, mu mwaka uheze muri Siriya.

Abasivile ibihumbi amajana n’amajana bafatiwe mu gisagara ca Aleppo.

XS
SM
MD
LG