Uko wahagera

Afuganistani: Ibitero vya Amerika Vyahitanye Abasivile 15


Igisirikare ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika cemeje kw’ibitero vy’indege z’ingwano vyabaye mu gice c’intara ya Nangarhar, citwa, Achin
Igisirikare ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika cemeje kw’ibitero vy’indege z’ingwano vyabaye mu gice c’intara ya Nangarhar, citwa, Achin

Abasivile 15 bishwe n’indege itagira umudereva y’Abanyamerika, ku musi wa gatatu, mu gihugu ca Afuganistani. Ivyo vyatangajwe n’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U.

Abandi 15 barakomeretse muri ico gitero.

Ibiro vy’ishirahamwe O-N-U, muri Afuganistani, UNAMA, vyasavye itohoza ryigenga. Ivyo biro bisaba Reta ya Afuganistani n’inteko mpuzamakungu gutanguza itohoza ryihuta ryigenga, ata ruhande rihengamiyeko, kandi ry’ukuri ku vyabaye.

Mw’itangazo ibiro, UNAMA, vyasohoye, riyemenyesha kw’abasivile bose uko ari cumi na batanu bishwe bari abagabo, harimwo abanyesule, umwigisha, n’ababonwako bashigikiye Reta.

Igisirikare ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika cemeje kw’ibitero vy’indege z’ingwano vyabaye mu gice c’intara ya Nangarhar, citwa, Achin. Gitangaza ko ivyo bitero vyarondera abarwanyi ba Reta ya Kiyislamu kandi ko kikiriko cegeranya amakuru ku basivile bashobora kuba bishwe canke bakomeretse.

Abategetsi b’igisirikare ca Amerika bavuga ko bakora ibishoboka vyose kugira birinde kwica abasivile, mu bikorwa vyabo vya gisirikare. Batangaza ko bazobandanya gukorana n’abategetsi ba Afuganistani, kugira bamenye nimba bikeneye kw’irindi tohoza xriba.

XS
SM
MD
LG