Uko wahagera

Prezida wa Centrafrika Asaba Ibihano mu vy'Igisirikare Bivanwaho


Prezida wa Centrafrika, Faustin-Archange Touadéra
Prezida wa Centrafrika, Faustin-Archange Touadéra

Prezida w’igihugu ca Centrafrika, Faustin-ArchangeTouadera, avuga ko ashaka kw’ishirahamwe mqpuzamakungu O-N-U, rikuraho ibihano mu vyerekeye ibirwanisho ryafatiye igihugu ciwe.

Mu kiganiro n’Ijwi rya Amerika, Service y’Igifransa, ejo ku musi wa gatatu, Faustin-Archange Touadera, yatangaje kw’ivyo bihano vyafatiwe Centrafrika, mu mwaka w’i 2013, vyigeze kuba bifise insiguro yamara avuga kw’ibintu atakiriko biri.

Prezida Touadera, avuga ko habaye amatora, Reta yemewe irashirwaho n’inama nshingamateka. Amenyesha ko bariko bashiraho inzego zademokrasi, ko badashobora kugira igisirikare kitagira ibirwanisho.

Touadera, avuga ko bashaka gusubira gushiraho inzego zizkomeye z’igisirikare. Avuga ko bashaka igisirikare gitunganijwe neza, kandi kigizwe n’ubwoko bwose Abanyacentrafrika bose biyumvamwo. Avuga k’uwo ariwo mugambi bashaka gushikako.

Prezida Touadera, yatsinze amatora y’umukuru w’igihugu, mu kwezi kwa kabiri, inyuma y’imyaka itatiu y’umutekano muke, n’uruhagarara rufatiye ku madini, vyadutse igihe prezida, Francois Bozize, yakurwa aku butegetsi.

Prezida Touadera, avuga kw’igihugu kigeze mu gihe gihambaye cane. Atangaza kw’arico gituma bariko barondera gufashwa.

XS
SM
MD
LG