Uko wahagera

Sudani Yagirizwa Gokoresha Ibirwanisho Vyicisha Imyuka


Inteko za Reta y’igihugu ca Sudani zarakoresheje ibisa n’ibirwanisho vyicisha imyuka y'ubumara, mu ntara za kure muri Darfur. Ivyo ni ku bw’icegeranyo casohowe, ku musi ku wa kane, n’ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka muntu, Amnesty International.

Itohoza ryagizwe n’iryo shirahamwe ritanga akarorero k’ivyemezo biteye agahinda vy’uko ibishobora kuba ari ibitero mirongo itatu vyicisha imyuka vyabaye, bihitana abantu bari hagati y’amajana abiri n’amajana abiri na mirongo itanu.

Tirana Hassan, umuyobozi ajejwe ubushakashatsi mw’ishirahamwe, Amnesty International, avuga ko amasanamu atari make y’abana baturiwe n’ibirwanisho vyicisha imyuka y'ubumara. Bamwe muri abo bana ntibashobora guhema kandi bayorwa amaraso.

Abahinga babiri, ku vyerekeye ibirwanisho vyicisha imyuka y'ubumara, bahawe igikorwa c’ukugira itohoza, batangaje kw’ivyemezo vyerekana neza ikoreshwa ry’ivyo birranisho.

Ikoreshwa ry’ibirwanisho vyicisha imyuka y'ubumara n’icaha c’agahomera bunwa. Ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka muntu, Amnesty International, ryasavye ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, gutohoza kurushiriza ivyo vyagirizo, n’ukuremera Reta y’igihugu ca Sudani, kugira irekurire inteko zijejwe gucungera umutekano, n’amashirahamwe y’abagiraneza, gushobora kuja mu ntara ya Darfur.

XS
SM
MD
LG