Uko wahagera

US-DRC: Amerika Yafatiye Ibihano Abategetsi ba Gisirikare 2 ba Kongo


Leta zunze ubumwe z’Amerika yafatiye ibihano abategetsi babiri bo mu nzego zijejwe umutekano muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo bagirizwa kubangamira demokarasi n’agateka ka muntu mu gihugu.

Amisi Kumba, atazirwa "Tango Fort," agaragara cane mu gucungera umutekano I Kinshasa no mu buraruko bwa Kongo naho yari yarakuwe mu gisirikare mu mwaka w’2012 bivanye na raporo yasohowe na ONU imwagiriza gutanga ibirwanisho ku mirwi y’abarwanyi kugira ikore ubwicanyi.

Major Jeneral John Numbi Banza Tambo, mu mwaka w’2008, igipolisi ca Kongo yar'arongoye cagirijwe na HumanRight watch gukoresha inguvu zirenze urugero kubanyagihugu badafise ibirwanisho baharanira ubwigenge muvya politike mu ntara ya Bas kongo.

Mu mwaka w’2010, amatohozwa yakozwe na ONU yagirije Numbi kwica uwuharanira agateka ka muntu, ariko ntiyigeze afatwa.

Ivyo bihano bije mugihe reta ya Kongo yongereje inguvu mu kurwanya abayirwanya. Mu mezi 18 aheze, abaharanira demokarasi barapfunzwe, amaradiyo n’amateleviziyo birugarwa.


XS
SM
MD
LG