Uko wahagera

US-Rwanda: Léopold Munyakazi Yoherejwe mu Rwanda


Leopold Munyakazi yerekana bimwe mu bimenyetso ko nta ruhare yagize muri Jenoside
Leopold Munyakazi yerekana bimwe mu bimenyetso ko nta ruhare yagize muri Jenoside

Leta zunze ubumwe z’Amerika zohereje mu Rwanda, Léopold Munyakazi yagirizwa ivyaha vy’ihonyabwoko yoba yakoze mu Rwanda mu mmwaka w’1994.

Leopold Munyakazi yashikirijwe igipolisi c’u Rwanda kur’uyu wa gatatu ku kibuga c’indege mpuzamakungu c’i Kigali.

Richard Munyakazi, umushikirizamanza mukuru wa republika w’u Rwanda yatangaje ko uwo mugabo w’imyaka 65 akekwa ko ar’umwe mubatanze inyigisho zatumye hicwa abatutsi ibihumbi 800 hamwe n’abandi bahutu bari bafise ivyiyumviro bihuje n’ubutegetsi.

Leta y’u Rwanda yari yasohoye imitahe ibiri isaba iyoherezwa ryiwe mu myaka y’2006 n’2008. Munyakazi yahunze u Rwanda mu mwaka w’2004, aja gusaba ubuhungiro muri Amerika.

XS
SM
MD
LG