Uko wahagera

Serbiya Yarengewe n'Ikibazo c'impunzi n'Abimukira


Impunzi n'abimukira muri Serbiya
Impunzi n'abimukira muri Serbiya

Umugwa mukuru Belgrade wa Serbiya, niwo ukoraniyemwo impunzi n’abimukira inyuma y’aho igihugu kibanyi ca Hongriya gifatiye ingingo ruhasha zituma abo bimukira batagishobora kujabuka urubibe rwaco.

Perezida wa Hongriya, Janos Ader yashikirije mu ntango z’uyu mwaka ko hazoba kamarampaka italiki 2 z’ukwezi kwa cumi kuza, aho abanyagihugu biwe aribo bazoshikiriza aho bahagaze kubijanye n’icipfuzo c’ibihugu bigize umuryango w’ubumwe bwa Bulaya c’uko ibihugu bikwiye kugabanganya izo mpunzi.

Nayo reta ya Serbiya yarashikirije akatari gake ko mugihe ibihugu bibanyi arivyo Krowasiya na Hongriya vyokwugara burundu imbibe zavyo ku mpunzi, Serbiya naco kizoca gifata amategeko ku butaka bwaco, ntikibe arico conyene cikorera umuzigo w’izo mpunzi.

XS
SM
MD
LG