Uko wahagera

Ban Ki-moon Yabonanye na Alain Aime Nyamitwe i New York


Umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe O-N-U, Ban Ki-moon
Umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe O-N-U, Ban Ki-moon

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe O-N-U, Ban Ki-moon, yarabonanye ku musi wa gatandatu, n’umushikirnganji ajejwe imigenderanire w’Uburundi, Alain Aime Nyamitwe, ku cicaro c’ishirahamwer mpuzamakungu O-N-U i New York.

Ban Ki-moon, yaramushiskirije impungenge ziwe ku kugene ibintu vyifashe mu Burundi. Yarashimikiye ku gikorwa nkenerwa c’ukwubahiriza amasezerano ya Arusha.

Ban Ki-moon, yatangaje kw’ishirahamwe O-N-U, n’ayandi mashirahamwe ajejwe gutabara abanyagihugu, bizokwongereza ibikorwa vyayo vy’ugufasha abanyagihugu.

Yasavye Reta y’Uburundi gukora ibikenewe vyose, kugira ikingire ubuzima n’uburenganzira bw’Abarundi bose, umuntu ataravye imigambwe barimwo. Yasavye kandi Reta kurwanya umuco w’ukudahana.

XS
SM
MD
LG