Uko wahagera

Siriya: Ibitero Vyiyongeye mu Gisagara ca Aleppo


Ibitero vy’indege z’ingwano mu bibanza birimwo abarwanya ubutegetsi, mu bice vy’igisagara ca Aleppo, mu buraruko bw’igihugu ca Siriya, vyiyongeye uno musi ku wa gatanu.

Ishirahamwe riharanira agateka ka muntu muri Siriya, rifise icicaro i Londres mu Bwongereza, Syrian Observatory for Human Rights, rimenyesha kw’ibitero vy’indege z’ingwano vyabaye incuro mirongo itatu vyatanguye mw’ijoro rishira mu gitondo c’uno musi ku wa gatanu.

Abategetsi b’igisirikare n’iperereza vya Amerika, baribaza nimba Uburusiya bufise ugushaka canke ubushobozi bw’ukugira ico bukoze, ku vyerekeye uruhagarara rutera rwiyongera mu gihugu ca Siriya. Bagiriza abategetsi b’Uburusiya ko bariko batuma ububabare bw’abanyagihugu bubandanya.

Ivyo vyagirizo bibaye mu gihe igisirikare ca Reta ya Siriya catangaje, uno musi ku wa gatanu, ibikorwa bishasha vya gisirikare bigenewe gusubira gufata ibice vya Aleppo biri mu nminwe y’abarwanya ubutegetsi. Ivyo birakuraho umwizero w’ugusubira gushiraho agahenwe, n’ugutuma imfashanyo zishikira abasivile basinzikajwe n’ingwano imaze imyaka itanu muri Siriya.

XS
SM
MD
LG