Uko wahagera

Uburundi Buranegura Raporo y'abahinga ba ONU


Martin Nivyabandi
Martin Nivyabandi

Umurwi w’abahinga bigenga, ku musi wa kabiri, warasohoye raporo isaba ko hoba umurwi w’ishirahamwe mpuzamakungu wotohoza irtyozwa ry’agateka ka zina muntu mu Burundi.

Uyo murwi waremeje mur’iyo raporo kw’amabi menshi ahanini akorwa na reta y’Uburundi hamwe n’imirwi ishigikiye reta y’Uburundi.

Mu kiganiro umwe mur’abo bahinga ava mu gihugu ca Afurika y’Epfo, Christof Heyns yahaye iradiyo Ijwi rya Amerika, avuga kw’abakozi bajejwe gutohoza irtyozwa ry’agateka ka zina muntu bakoranye n’abo bahinga, bamaze amezi atandatu mu Burundi birabira ukuntu agateka ka zina muntu kifashe.

Abo bahinga batatu ubwabo bagendeye Uburundi kabiri, bakaba barabonanye n’abaserukira reta, abaserukira abatavuga rumwe na reta, sociyete sivile, abanyororo hamwe n’abataye izabo.

Umushingantahe Heynes yavuze kw’ahanini icatumye uyo murwi usaba ko hofatwa ingingo zikomeye zo kwamira kugira ngo irtyozwa ry’ateka ka zina muntu ntiribandanye, ar’uko Uburundi busanzwe buri mu bihugu bigize umurwi w’ishirahamwe mpuzamakungu ujejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu, bwari bukwiye gufata iya mbere mu kwubahiririza agateka ka zina muntu.

Yamara mu kiganiro umushikiranganji w’Uburundi yahaye iradiyo Ijwi rya Amerika, yariyamirije iyo raporo avuga kw’imeze nk'iyatunganijwe n’abanyapolitike canke abantu bafise inyungu za politike.

please wait

No media source currently available

0:00 0:05:44 0:00

XS
SM
MD
LG