Uko wahagera

Siriya: Ingwano Ntiyimirije Kurangira mu Gihugu


Perezida w’igihugu ca Siriya, Bashar al-Assad, yatangaje kw’ingwano yihaye inkumbi mu gihugu, imaze imyaka itandatu, muri iki gihe, izobandanya mu kindi gihe kirekire.

Prezida Assad, yagirije Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Arabiya Saudite, Turikiya na Qatar ,ko biriko bituma intambara, muri Siriya, ibandanya mu gushigikira abarwanyi bariko barondera gutembagaza Reta yiwe.

Ingwano muri Siriya yahitanye abantu ibihumbi n’ibihumbi, abandi imiliyoni n’imiliyoni barava mu zabo.

Prezida Assad, ariyamiriza ivyagirizo vy’uko indege z’ingwano za Siriya, canke z’Uburusiya, zateye amabombe ku modoka zari zitwaye imfashanyo, zihitana abantu mirongo ibiri, ku musi wa mbere, hafi y’igisagara ca Aleppo.

Prezida Assad, yabwiye, ku musi wa gatatu, itororokanirizo ry'amakuru ry’Abanyamerika, Associated Press, mu kiganiro, kiba gake, yahaye itororokanirizo ry’amakuru ryo mu burengero bw’isi, kw’ikirimba ciwe ku murwa mukuru, Damas, kw’ibintu vyose Abanyamerika bavuga ari ibinyoma.

Co kimwe n’igihugu ca Siriya, Uburusiya bwahakanye ko bwagize ibitero vy’amabombe, ku kigangara, mu gihe abakozi bajejwe gutanga imfashanyo bariko bakura imfashanyo mu makamyo.

Prezida wa Siriya, Bashar al-Assad, yatangaje kandi kw’ibitero vy’indege z’ingwano Amerika yagize, ku nteko za Reta mu ndwi iheze, vyagizwe n’impaka. Yariyamirije ivyatangajwe na Reta ya Amerika ko yabaye impanuka.

Yongeye kandi yagiriza Reta Zunze Ubzumwe za Amerika kw’isenyuka ry’amasezerano y’uguhagarika ingwano aherutse gushikwako.

Yamenyesheje ko Amerika iterekana ugushaka kwayo, ku vyerekeye kwifatanya n’Uburusiya, mu rugamba rw’ukurwanya intagondwa muri Siriya.

XS
SM
MD
LG