Uko wahagera

Siriya: Indege z'Intambara Zikwiye Guhagarara Kuguruka


Sekreteri wa reta wa Leta zunze ubumwe z’Amerika, John Kerry yatangaje ko amasezerano y’amahoro muri Siriya akwiye kurokorwa, ko ata ndege n’imwe yosubira kuguruka mu bice birimwo amatati.

Avuga ko ivyo vyokorwa kugira bahe akaryo imfashanyo zishobore gushikira abanyagihugu. Yabishikirije mu nama yo kurwego rwo hejuru mu nama ya ONU ijejwe amahoro n’umutekano k'umusi wa kabiri.

Sekreteri John Kerry
Sekreteri John Kerry

​Amenyesha kandi ko ivyo bizoca bibuza Siriya gukora ivyo yahoze ikora muri kahise, aho yatera abanyagihugu yitwaje ngo arika arahiga abarwanyi b’umuhari wa reta ya Kiyisilamu.

Nayo umushikiranganji w’imigenderanire w’Uburusiya Lavrov, yatanguye kuvuga imbere ya Kerry ko kwubahiriza itangwa ry’imfashanyo ar’uruhara rw’abegwa n’intambara muri Siriya bose atari reta ya Assad n'Uburusiya.

Mur’iyo nama kandi Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU Ban Ki-moon yavuze ko amakungu ariyo afise mu minwe igihugu ca Siriya, ko ashobora kucubaka canke kugisangangura.

Asaba ko amasezerano yo gushira ibirwanisho hasi akwiye gusubira gushirwa mungiro. Yibukije abari mur’iyo nama ko abanyesiriya barenga ibihumbi 300 bamaze kwicwa mu myaka yababa itandatu iyo ntambara imaze.

XS
SM
MD
LG