Uko wahagera

USA: Donald Trump na Hillary Clinton Ntibahuza Ku Guteza Imbere Abirabure


Abakandida Donald Trump na Hillary Clinton bariko baharanira umwanya w’umukuru w’igihugu muri Leta zunze ubumwe z’Amerika baracafise ivyo badahurizako ku kibazo co kwongereza umushahara ku banyagihugu babayeho ubuzima busanzwe mu bisagara vyo mugihugu hagati.

Donald Trump yabwiye abanyagihugu muri reta ya Karolina ya ruguru kuwa kabiri ko mugihe yotorwa azokwubaka ibisagara birwiriyemwo abirabure bisa n’ivyashaje.

Ibiharuro vyerekana ko Hillary Clinton, umukandida mu mugambwe w’abademokrate yahoze ari sekreteri wa reta w’Amerika aza imbere ya Donald Trump kumajwi y’abirabure.

Umukandida waba Demokrate Hillary Clinton
Umukandida waba Demokrate Hillary Clinton

Hillary Clinton, avuga ko mugihe yotorwa azoshira ibice 10 kw’ijana vy’amafaranga reta y'Amerika ikoresha mu banyagihugu bakenye aho abashika 20 kw’ijana bamaze imyaka 30 mu bukene burenze urugero.

Mwomenya ko kuwa mbere uza ariho abo bakandida babiri bazotangura ubwa mbere guhangana amaso muyandi bishura ku bibazo vy’abamenyeshamakuru ku migambi bafitiye abanyamerika.

XS
SM
MD
LG