Uko wahagera

Misiri: Abashika 29 Bazimiriye mu Nyanja ya Mediterane


Abajejwe gutabara bariko bararondera mu mazi yo kunkengera z’ibahari mediterane kiyaga kuruhande rwa Misiri havugwa ko ubwato bwari butwaye impunzi n’abimukira 600 bwibiye kur’uyu musi wa gatatu.

Umushikiranganji w’amagara y’abantu wa Misiri yatangaje ko abantu bashika 29 bamaze kumenyekana ko bapfuye, mugihe abandi 150 bamaze kurokorwa.

Ibinyamakuru vyo muri Misiri vyatangaje ko ubwo bwato bwari bumaze kugenda ibirometero bitanu imbere yuko bwibira mu mazi yafi y’igisagara ca Rasheed, aho Uruzi Nile rwinjirira mw’ibahari Mediterane.

Misiri nico cabaye igihugu izo mpunzi zituruka muri Afrika no mu burasirazuba bwo hagati zandurukiramwo zigiye kurondera ubuzima k’umugabane wa burayi.

Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku mpunzi n’abimukira rivuga ko abantu barenga 3200 bamaze gupfa aho uyu mwaka w’2016 ugeze ubu bariko bagerageza izo nzira zigoye.

XS
SM
MD
LG