Uko wahagera

Amerika Iriyamiriza Ugukubagurwa kw'Intumwa Yayo muri Congo


Intumwa idasanzwe ya Reta ZUnze Ubumwe za Amerika mu karere k'ibiyaga binini, Tom Perriello
Intumwa idasanzwe ya Reta ZUnze Ubumwe za Amerika mu karere k'ibiyaga binini, Tom Perriello

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zirababajwe nuko urwego rw’igihugu rujejwe gutegura amatora muri Republika iharanira demokrasi ya Congo, mu mpfunyapfunyo, CENI, rwananiwe gutangaza ikirangamisi c’amatora, ku musi wa mbere, nkuko bisabwa n’ibwirizwa shingiro ry’igihugu.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika, ziratewe amakenga bikomeye n’amakuru avuga ku ruhagarara, n’ubwicanyi vyaranze imyiyerekano, yabaye ku musi wa mbere, ku murwa mukuru, Kinshasa. Ayo makuru atangaza ko hari abari mu myiyerekano n’abapolisi bapfuye.

Reta Zunze Ubnumwe za Amerika, ziriyamiriza ubwicanyi n’uruhagarara. Zisaba impande zose zerwa n’ikibazo ca Congo kwifata, n’ukwirinda agasomborotso. Zisubira kumenyesha ko Reta ya Congo itegerezwa gukingira agateka k’ikiremwa muntu, harimwo uburenganzira bw’ukugira amakoraniro mu mahoro, n’uburenganzira bw’ugushikiriza ivyiyumviro.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika, zitangaza kw’ivyabaye, ku musi wa mbere, vyerekana igikorwa nkenerwa c’ibiganiro bihuza impande zose, bigenewe gushika ku mwumvikano, ku vyerekeye kugirisha amatora y’umukuru w’igihugu mu buryo bwihuta bushoboka, kugira vyubahirize uguhererekanya ubutegetsi, biciye mu nzira ya demokrasi, mu buzoba bubaye ubwa mbere mu gihugu.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika, ziriyamiriza ibitutsi n’ukurondera kuzibira inzira, vyagizwe ku ntumwa idasanzwe ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika, mu karere k’ibiyaga binini, Tom Perriello, igihe yariko atahuka, ava ku kibuga c’indege c’i Kinshasa, kw’italiki 18 z’ukwezi kw’icenda. Tom Perriello, yari i Kinshasa, mu kiringo c’imisi indwi, mu mibonano n’abaserukira Reta ya Congo, abaserukira abatavuga rumwe na Reta, abaserukira amashirahamwe adaharanira inyungu za Politike, abaserukira amahanga, kugira abasabe kugira uruhara mu biganiro vyubahiriza ibwirizwa shingiro rya Congo, kandi bigenewe gushika ku mwumvikano, ku vyerekeye kugirisha amatora buno nyene uburyo bubirekuriye.

Intumwa idasaznwe ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika, mu karere k’ibiyaga binini, Tom Perriello, n’umuntu azwi neza i Kinshasa. Yarazibiwe inzira yongera aratukwa mu kice c’ikibuga c’indege ca N’Djili, ku murwa mukuru, Kinshasa kigenzurwa n’abategetsi b’igihugu ca Congo.

Reta ya Amerika ziriyamiriza, ikoresheje amajambo akomeye ashoboka, ukugene intumwa yayo yafashwe.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika ziremera kw’abantu bagira uruhara, ku giti cabo, mu gukokeza uruhagarara n’ubwicanyi, canke mu gukandamiza abanyagihugu botegerezwa kubibazwa. Reta Zunze Ubumwe za Amerika, ziriteguiye gufatira abantu nkabo ibindi bihano.

XS
SM
MD
LG